Aba Shia mu rugamba rwo gushaka kubohoza Mosul

Aba Shia bashaka gufata Tal Afar kugira abari Mosul babure amayira

Ahavuye isanamu, AFP/ Getty images

Insiguro y'isanamu,

Aba Shia bashaka gufata Tal Afar kugira abari Mosul babure amayira

Abayoboke b'umurwi wa "Popular Mobilisation Forces" bagwiriyemwo aba Shia, bavuga ko bariko barasatira igisagara ca Tal Afar ku birometero bigera ku 60 uja muji wa Mosul.

Iki nico gitero ca mbere gikomeye gikozwe n'abo mu mugwi w'aba Shia mu ntambara ya Iraq, kandi buguruye urundi rugamba ku ruhande rw'uburengero bwa Mosul.

Uruhara rw'aba Shia ntiruvugwako rumwe na bose, umushikiranganji wa mbere Haider al-Abadi, yavuga ko badashobora kwinjira Mosul, umuji ugwiriyemwo aba Sunni.