Ubwongereza busabwa gutora abana i Calais

Ubwongereza bwemeye kwakira abana b'abimukira

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abana batarashika mu bigero 1500 basigaye Calais

Perezida w'Ubufaransa Francois Hollande yatangaje ko yifuza ko Ubwongereza butora abana basigaye mu kibanza cahoramwo ikambi ya Calais, inyuma yo kuhasambura mu ndwi iheze.

Igihe yagendera ikibanza kimwe mu vyacumbikiwemwo abimukira bakuwe hafi y'ikivuko ca Calais, perezida Hollande yavuze ko Ubwongereza bwari bukwiye kwikara abana bwemeye.

Bwana Hollande avuga ko abimukira batagera mu bigero, bashika 1500 bari basigaye hafi y'ikivuko ca Calais, bagiye kwimurigwa vuba mu bindi bibanza vyo mu Bufaransa.

Ubwongereza ngo bwari bukwiye gusanga abo bana bwemeye kwinjiza mu gihugu mu bibanza abo bimukira bose bariko bimurirwamwo vyo mu Bufaransa, gutyo bakabajana mu Bwongereza.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Igice kinini ca Calais carasambuwe

Bwana Hollande yemeza ko yavuganye n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May kuri ico kibazo.

Yamanyesheje ko abashikiranganji b'intwaro yo hagato muri ivyo bihugu vyompi bariko bariga uburyo ico kibazo cotoregwa umuti.

Ku munsi wa gatanu, umukuru w'ikigo kijejwe impunzi mu Bufaransa yavuze ko Ubufarabsa bwakoze igikorwa cega Ubwongereza mu kwitaho abakuze muri abo bimukira, Ubwongereza nabwo ngo bwari bukwiye n'imiburiburi kwitaho abana batagira ababitaho.

Abimukira bagera ku 5000 barimuwe bava muri ico kibanza ca Calais kirasamburwa, ubu hari igice gisigayemwo abadakwije imyaka 18.

Igitigiri cari kizwi c'ababa mur'iyo kambi ya Calais, cari 7000, ariko amashirahamwe y'abagiraneza, avuga ko abagaragaye ku mpapuro imbere yo kwimurwa, bari 8,143.

Ubwongereza kugez'ubu bumaze kwemra kwkira abana 250.