Amasezerano hagati ya Canada ba Bulaya

Ahavuye isanamu, Alamy
Ibiganiro ku masezerano y' urudandazwa hagati ya Bulaya na Canada vyakomeje kwiyamirizwa
Amasezerano hagati y'Ubumwe bwa Bulaya na Canada yari yatavye gushirwako igikumu kubera intara ya Wallonia yari yanse kuyemera, kugirango igihugu c'Ububirigi kibone naco kuyemeza.
Ayo masezerano 'Comprehensive Economic and Trade Agreement' -CETA, azofasha gukuraho ibice 99% vy'amakori y'urudandazwa, kandi abategetsi bizeye ko azotuma inyungu kuri urwo rudanbdazwa iduga kugeza kuri miriyaridi 12 ku mwaka.
Ayo masezerano yari amaze imyaka indwi aganirwako, ndetse no kuyashirako igikumu bisa n'ivyatevye.
Indege yari ireruye umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, yatevye amasaha abiri yose kubera ikibazo c'ubuhinga.