Kamarampaka muri Cote d'Ivoire

Abanenga kamarampaka bavuga ko iha ububasha burenze perezida Uwufise ububasha kw’isanamu ISSOUF SANOGO
Image caption Perezida Ouattara avuga ko ibwirizwa risha rizofasha Cote d'Ivoire kwogorora

Imigambwe itavuga rumwe na leta ya Corte d'Ivoire yahamagariye abanyagihugu kutitaba kamarampaka yo kwemeza canke guhakana ibwirizw anshingiro rishasha.

Abadashigikiye ibwirizwa nshingiro risha bavuga ko ryihutishijwe kandi riha ububasha burengeye umukuru w'igihugu.

Kimwe muri bikuru vyohindurwa n'iryo bwirizwanshingiro rishasha, harimwo kworosha amategeko agenga ubwenegihugu ku bahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu.

Ikibazo c'ubwenegihugu carateye intambara hagati y'abavukagihugu muri Cote d' Ivoire kuva mu 2002.

Ibwirizwanhingiro risha riteganya kandi gushiraho inama nkenguzamateka, aho ica gatatu c'abayigize bazoba bashizweho n'umukuru w'ighihugu.