Amahinduka mu butegetsi bwa Korea y'epfo

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida Park Geun-hye aregwa kwumva amabwire y' umugenzi wiwe Choi Soon-sil
Bamwe mu bahanuzi bakuru ba perezida wa Koreya y'epfo, bakuwe mu mabanga yabo, ni abavugwa ko ari abagenzi ba Choi Soon-sil, umugore aregwa kuba yarasutse umukuru w'igihugu Park Geun-hye.
Madame Choi, yari umugenzi wa Park Geun-hye kuva kera, yagarutse mu gihugu uyu munsi kwisobanura ko vyo aregwa.
Perezida Park Geun-hye, bivugwa ko yoba yemereye Madame Choi, ku mugira inama ku bibazo biraba igihugu kandi ata bubasha canke uburenganzira abifitiye.