Amahinduka mu butegetsi bwa Korea y'epfo

Perezida wa Korea y'epfo, Park Geun-hye

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Perezida Park Geun-hye aregwa kwumva amabwire y' umugenzi wiwe Choi Soon-sil

Bamwe mu bahanuzi bakuru ba perezida wa Koreya y'epfo, bakuwe mu mabanga yabo, ni abavugwa ko ari abagenzi ba Choi Soon-sil, umugore aregwa kuba yarasutse umukuru w'igihugu Park Geun-hye.

Madame Choi, yari umugenzi wa Park Geun-hye kuva kera, yagarutse mu gihugu uyu munsi kwisobanura ko vyo aregwa.

Perezida Park Geun-hye, bivugwa ko yoba yemereye Madame Choi, ku mugira inama ku bibazo biraba igihugu kandi ata bubasha canke uburenganzira abifitiye.