Isura mu gitero ca Lockerbie yashengeye

Tony Gauci

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu,

Tony Gauci niwe yavuze ko Megrahi yamuguzeko impuzu

Tony Gauci, yari umucuruzi mw'iduka ryo mw'izinga rya Malta mu Butaliyano, yatanze ivyemezo vyafatishije Abdelbaset Al-Megrahi, umunya Libya, yarezwe ko yakoroye indege ya Pan Am mu 1988.

Tony Guaci yaguye muri Malta ahitanywe n'urwo akarago, yagiye mu rubanza rwa Megrahi kuko yavuze ko yamugurishijeko impuzu basanze zari zizingiriyemwo igisasu caturikije indege ya Pan Am 103 yaguye Lockerbie hajuru ya Ecosse igahitana abantu 270.

Hari abatemeye ubuhamya bwa Tony Guaci ku munya Libya Abdelbaset Al-Megrahi.

Mgrahi yahamijwe icaha mu 2001 ajanwa gupfungirwa muri Ecosse, aho yakomeje kuvuga ko arenganywa kugeza apfuye mu 2012.

Yarunguruje urubanza mu 2002 aratsindwa, ariko inyuma y'imyaka itanu umurwi wa Ecosse ujejwe gusubiramwo kwihweza imanza z'ivyaha, wemeza ko hari impamvu 6 zotuma urubanza rwiwe rusubira kuburanywa.

Uwo mugwi wagize amakenga ku matariki yavugwa ko Megrahi yaguriyeko impuzu mw'iduka rya Gauci aho mw'izinga rya Malta.

Ikindi uwo mugwi wabonye n'uko amadidane Gauci yagize mu kumenya Megrahi uwo ari we, atagaragarijwe ababuranira Megrahi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Al-Megrahi yahavuye arekurwa amaze kugwara

Uwo mugwi wemeza ko iminsi ine imbere yo kumwerekana, Gauci yari yabonye ifoto yiwe mu kinyamakuru canditse inkuru yerekeye igitero c'indege ca Lockerbie.

Hari n'amakenga ku bibazo vyavuzwe bijanye n'amafaranga yoba yarahawe Gauci, kugirango akoreshwe nk'icabona muri urwo rubanza.

Mu kwezi kwa 11 mu 2013, ibiro vy'ubucamanza vyaremeje ko ata cabona coba caregerewe n'urwo rwego canke igipolisi kugirango yemere kuba isura.

Mu 2014, umushikirizamanza mukuru wa Ecosse, Lord Advocate Frank Mulholland yongeye kuvuga ko yibaza ko Megrahi yakoze icaha.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Indege ya Pan Am yakorokeye Lockerbie muri Scotland

Indege ya Pan Am yaturikiye hejuru y'igisagara ca Lockerbie muri Ecosse kuwa 21 z'ukwa 12 mu 1988, irimwo abantu 259, ihitanisha n'abanyagihugu bari hasi bagera kuri 11 kubera umuriro.

Leta ya Ecosse yarekuye Megrahi mu kwezi kwa munani mu 2009, amaze kumenya ko afise ingwara ya cancer igeze kure, aho yari yabwiwe ko atazorenza amezi 6 yo kubaho.

Yatashe muri Libya, ari naho yaguye mu 2012.