West Ham 0- 2 Everton

Romelu Lukaku

Ahavuye isanamu, Rex Features

Insiguro y'isanamu,

Romelu Lukaku yinjije ubwa mbere mu rukino rw'uyu munsi

Igitego ca kabiri ca Everton cinjijwe na Ross Barkley, naho nyene aherejwe umupira na Lukaku, ku munota wa 76.

Everton wagumye mu kibanza ca gatandatu, inyuma ya Manchester City, Arsenal na Liverpool, Tottenham na Chelsea iri imbere yawo.

Igitero c'uno munsi kibaye ikigira indwi kuri Lukaku, mu nkino indwi nyene yagiyemwo za Everton, umugwi amaze kwnjiriza ibitego 50 muri rusangi.

Chelsea yinjirijwe na Costa hamwe na Hazard

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Chelsea yirahiye Southampton 2-0

Kuri uyu mugoroba kandi, Chelsea yahuye na Southampton, Chelsea ikaba itahukanye intsinzi ya 2 - bwa Southampton.

Ivyo bitego vyinjijwe na eden Hazard ku munota wa 6, hamwe na Diego Costa mu gice ca kabiri kumunota wa 55.

Chelsea ifise amanota 22, ubu ibura inota rimwe ku migwi Manchester City, Arsenal na Liverpool ziyiri imbere kurutonde rwa Premier League, n'amanota 23.