Arabia Saudite yaburijemwo igitero ca IS

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES
Igitero co kuwa 11 cari cagenewe ahabera urukino rw' umupira w'amaguru
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati muri Arabia Saudite bumenyesha ko muri uwo mutego hari gukoreshwa imodokari, igategwa ahabera urukino rw'amajonjora mu guhiganirwa igikome c'isi.
Ico gitero catumberezwa ahabera umupira cari gitegekanijw ekuwa 11 z'uku kwezi.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bumenyesha kandi ko bwaburijemwo ikindi gitero kigira kabiri cari gitumbereye abapolisi.
Ico gitero cari kigenewe abapolisi ngo cari kiyobowe n'umwe mu bakuru w'umutwe wa Islamic State muri Syria.
Abantu benshi bakekwako uruhara batawe muri yompi, harimwo abanya Arabia Saudite, abava muri Syria no muri Pakistani.