Umukuru wa FBI 'yoba yararenze' ku mategeko

Ahavuye isanamu, AP
Comey ariko aranebagurwa bikomeye n'abademokrate kubera iyo ngingo yafashe
Umukuru w’abademokrate mu nama nkenguzamateka yavuze ko umukuru wa FBI ashobora kuba yararenze ku mategeko mu kumenyesha ko hariko haraba amatohoza kuri mails za Hillary Clinton.
Harry Reid yagirije umukuru wa FBI, James Comey ko yarenze ku mategeko abuza abategetsi kwirinda gukora ibituma amatora ahindura intumbero.
Izo nkuru za FBI zimenyekanye mu gihe ata n’indwi zibiri zisigaye ngo habe amatora muri Amerika.
Hagati aho, FBI yaronse uruhusha rwo gusaka ahanyegeje mail z’uwahoze ari umukozi wa hagufi cane wa Hillary Clinton.
Mails za Huma Abedin boba barazisanze mu nyabwonko(Ordinateur) y’uwari umugabio wiwe, uwahoze ari umukenguzamateka Anthony Weiner.
Hari mails zoba zishika 650.000 ziriko ziraronderwa, bikaba binashoboka ko abagira amatohoza bashobora kuvuga aho bahagaze imbere y’umusi w’amatora.
FBI ivuga ko izo mails zishobora kuba zikomeye cane gusumba izo bamusambishijeko kuvyerekeye ikoreshwa rya mails yiwe hagukoresha iyo akazi akijejwe amabanga y’umushikiranganji w’imigenderanire.
Ivyerekeye izo mails vyari vyarangiye mu kwezi kw’indwi ata co bashoboye kwagiriza umupfasoni Clinton.
Weiner ariko aragirwako amatohoza no kubindi yagirizwa vyo kwandikira ubutumwa bujanye no gusambana umwana w’umwigeme akiri muto.
Mw’ikete yanditse, Reid yagirije Comey kwerekana aho ahagaze mu gushigikira umugambwe umwe mu kugwanya uwundi.