Abantu benshi baraye hanze i Norcia mu Butaliano

Inzu zasenyutse izindi zirononekara ariko nta muntu aramenyekana yapfuye

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Inzu zasenyutse izindi zirononekara ariko nta muntu aramenyekana yapfuye

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baraye mu mamodoka no mu mahema hagati mu gihugu c’Ubutaliano, inyuma ya nyamugigima ikomeye yateye muri ako karere.

Ababa muri ako karere kwononekaye bikomeye ka Norcia bavuga ko bari bafise ubwoba bwinshi bwo kuguma mu mazu yabo.

Abantu 20 bakomerekejwe n’ico kinyamugigima cabaye ku musi w’Imana, ariko biravugwa ko hoba hari n’umuntu umwe yahasize ubuzima.

Umukuru w’ako karere Luca Ceriscioli yavuze ko abantu barenga ijana bakeneye imfashanyo.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Bamwe mubaba i Norcia bari mu bibanza barayemwo vy'agateganyo