Abegereye Clinton bagiriza FBI guhengama

Comey amaze imisi anebagurwa n'abademokrate kubera ivyo yashikirije kuri mail Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Comey amaze imisi anebagurwa n'abademokrate kubera ivyo yashikirije kuri mail

Abari mu myiyamamazo ku ruhande rw’umupfasoni Clinton banebaguye umukuru wa FBI, James Comey mu kwerekana nkunzi ku matohoza kw’ikoreshwa rya mails na Hillary Clinton.

Ivyo bishitse inyuma y’aho ikinyamakuru co muri Amerika kivugiye ko Comey yategetse ko hatokwagirizwa Uburusiya ku mugaragaro ko bwisuka mu vyerekeye amatora yo muri Amerika, harimwo n’ubusuma bwavuzwe bwa mails.

Umwitwarariko wa Comey wari uhagaze ko iyo nkuru yabonetse himirije amatora, nk’uko izo nkuru zibivuga.

FBI yanse kugira ico ibivuzeko kuri BBC.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umupfasoni Clinton yavuze ko abanyagihugu bakeneye kumenya ukuri kose

Itariki 7 z’ukwezi kwa cumi, Comey yaranse gushira umukono ku rwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umukuru w’iperereza.

“Urwego rujejwe iperereza rurazi neza ko reta y’Uburusiya yagize uruhara mu busuma bw’ubutumwa bwa mail z’abanyamerika n’ubategetsi, harimwo n’ubwo imigambwe…ubwo busuma bufise intumbero yo kwisuka u bijanye n’amatora,” ni ko urwo rwandiko rwavuga.

Comey yaremeye ivyari muri urwo rwandiko ariko yanka ko rushirwa ahabona imbere y’uko amatora aba, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika.

Haravuzwe ko abasuma bo kuri internet bivye inkuru abademokrate mu ntumbero yo guha intsinzi Donald Trump.

“Nta kindi umuntu ashoka abona atari ukwerekana aho yegamiye,” uko niko uwushinzwe imyiyamamazo y’umupfasoni Clinton, Robby Mook yavuze.

Yateye akamo Comey “gusigura vyihuta ivyerekeye iyo nyifato yiwe atari nziza no gukorera no kubafitaniye imigenderanire na Donald Trump nk’uko yabigize ku bakoranye na Hillary Clinton.”

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Mu myiyamamazo yo ku wa mbere, Trump yavuze ko Hillary Clinton ata we yotako umwikomo

Comey ariko aranebagurwa cane kuva aho ku musi wa gatanu, imbere y’imisi 11 ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu, ko FBI iriko iragira amatohoza ku butumwa bwa mail bushasha, yoba afitaniye isano n’ubwo Clinton yarungitse ku yiwe bwite atari iyo akazi.