Ubushinwa bwerekanye indege y'intambara ya J-20

Ahavuye isanamu, REUTERS
Indege y'intambara y'Ubushinwa yo mu bwoko bwa J-20
Ubushinwa bwerekanye ku mugaragaro indege nshasha z’intambara zo mu bwoko bwa J-20, sifise ubushobozi bwo kwinyegeza radar.
Indege zibiri zo muri ubwo bwoko zagurukiye mu kirere amasegunda 60 mu gihe hariko harerekanwa indege za Zhuhai mu ntara ya Guangdong.
Ivyo birori biba bihambaye cane mu gihugu kandi bihuza abakora n’abagura indege.
Izo ndege zibonwa na benshi nk’ishaka Ubushinwa bufise bwo kwongereza ibikoresho vya gisirikare.
Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping ashaka kwongereza ubukomezi bw’igisirikare c’ico gihugu mu gihe kibandanya kuvuga ko akarere kari mw’ibahari ryo mu bumanuko no mu buseruko bw’ico gihugu, ari akabwo.
Izo ndege za J-20 zakozwe na kompanyi ya Chengdu Aircraft Indusyries Group, iyo na yo ikaba ari kompanyi y’indege y’Ubushinwa.
Bamwe bagereranya izo ndege n’izo mu bwoko bwa F-22 Raptor za Lockheed Martin.
Umuhinga m’uvyo indege, Bradley Perret yavuze ko iyo ndege “ata gukekeranya ari intambwe ikomeye ku bushobozi wo guhangana n’umwansi mu Bushinwa”.
Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Indege y'intambara y'Ubushinwa yo mu bwoko bwa J-20
Indege ya mbere itwara ibintu biremereye yaorewe mu Bushinwa ni Y-20, na yo nyene yarerekanywe muri ivyo birori.
Izindi ndege zitezwe n’izo mu bwoko bwa AG-600 ikoreshwa mu bikorwa vyo gutabara no gucunga mu mazi.
Hari n’iyindi ndege y’intambara itera amabombe izwi kw’izina rya Xian H-6K hamwe na kajugujugu igira ibitero yitwa Changhe Z-10K ziza kwerekanwa.