Bujumbura: Imodoka zatanguye kurihishwa aho zihagarara

Insiguro y'amajwi,

Imodoka zatanguye kurihishwa ibibanza zihagararamwo

Ibituro vy’imodoka canke ivyuma vyose vyunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura vyatanguye kurihirwa amafaranga ari hagati y'ibihumbi ijana n'ibihumbi bibiri.

Ivyo biri mw’itegeko ritunganya gushasha ibituro vyo mu gisagara ryashizweko umukono n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa.

Nkuko bimenyeshwa na Freddy Mbonimpa arongoye igisagara ca Bujumbura, iyo ngingo iraba imodoka zose zaba nini nini zitwara imizigo iremereye, izunguruza abantu ku mahera canke izisanzwe, utumodoka tw’amapine atatu bita Tuk Tuk, amapikipiki n’amakinga.

Uwo mutegetsi asigura ko ivyo vyuma vyose bitegerezwa kuriha amafaranga agenda asumbasumbana bivanye n’ubwoko bwavyo canke ukwo bingana kukwezi.

Insiguro y'isanamu,

Vyari bitegekanijwe ko ingingo yo kurihisha ibibanza imodoka zihagararamwo itangura itariki 1 ukwezi kwa 11 mu 2016

Imodoka zitwara abantu n'ibintu, bivanye n'uko zigenda zirutarutana, zizoriha amahera ari hagati y'ibihumbi ijana n'ibihumbi bibiri.

Abafise imiduga atari iyo kwunguruza abantu bazoriha amafaranga 300 kw’isaha.

“ico gikorwa gitunganijwe mu mice ibiri. Umuce wa mbere uraba abatwara imiduga yunguruza abantu n’ibintu. Umuce wa kabiri uraba barya bantu batunze imiduga basanzwe baba bagiye kukazi canke kurondera ibindi bintu bitandukanye. Iyo ngingo rero isigura ko bazotegerezwa kuriha bivanye n’uburemere bw’imodoka canke ingene ingana ivyo bikazotuma igisara kironka uburyo bwo kwitunganya no kurangura neza imigambi itandukanye”, ukwo nikwo Freddy Mbonimpa abisigura.

Insiguro y'amajwi,

Abashoferi barinubira ingingo yo kurihishwa aho bahagaritse imiduga

Abagendesha imiduga yo kwunguruza abantu bariyamiriza iyo ngingo bavuga ko ije gusongera isibe narirya bemeza ko basanzwe bahanzwe n’ubukene.

”Mu ncamake iyo ngingo niyo kununuza umunyagihugu. Ntibikunda ko umuntu ariha ama document yose akenewe ku modoka, controle technique, taxe minicipale agaca ariha n’igitansi ca mairie c’amafaranga 500 ku musi hama ngo hace hajako ibihumbi 21 ku kwezi. Jewe sinibaza ko ayo mahera umunyagihugu ashobora kuyaronka ahubwo ukwo ni ukufatira amaboko imugongo ivyo bintu ntibishoboka”, ukwo nikwo uwutwara Hiace abibona.

Insiguro y'isanamu,

Benshi mubaba mu gisagara ca Bujumbura ntibari bazi ivyerekeye iyo ngingo

Gushika ubu umukuru w’igisagara ca Bujumbura ntavuga igitigiri nyezina c’amafaranga igisagara gishobora kuzokwinjiza ku mwaka ariko avuga ko igisagara arongoye gifise imiduga, amapikipiki, Tuk Tuk n’amakinga biharurwa mu bihumbi 60.