H. Clinton: Donald Trump ni ikimwenyi

Umupfasoni Hillary Cliton na Donald Trump

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Umupfasoni Hillary Cliton na Donald Trump

Umukandida w’umudemokrate Hillary Clinton yifatiye mu gahanga uwo bahanganye mu matora y’umukuru w’igihugu Donald Trump, amwagiriza kuba “ikimwenyi” kubera amajambo yavuze kw’isura y’abapfasoni.

Clinton yavuze ko Trump amaze imyaka 30 “atesha agaciro, asuzugura, atuka yongera afata nabi” abapfasoni.

Hagati aho, Trump yavuze ko “arangwa n’igiturire” kandi ko ashobora kuzimanganya umugambi w’amagara y’abantu muri Amerika ubutakigaruka”.

Yabwiye abatoye Clinton hakiri kare, ko bashobora guhindura ibintu mu mareta ane.

Iryo hangana rishitse mu gihe hatanguye indwi ya nyuma y’imyiyamamazo, aho biboneka ko abahiganwa basa n’ababangabanganywe.

Alicia Machado na Hillary Clinton bavuze ko Trump adakwiye kuba prezida

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Alicia Machado na Hillary Clinton bavuze ko Trump adakwiye kuba prezida

Ashikiriza ijambo mu ntara ya Florida, ari kumwe n’uwahoze ari Miss Universe, Alicia Machado, yavuze ko umusi umwe Trump yigeze kumwita ko ari “Miss Ngurube” amze kuvyibuha – Umupfasoni Clinton yavuze ko “yize mu mashure matomato ko kizira gutuka abantu”.

Ku ruhande rwiwe, umupfasoni Machado yavuze ko Trump ari “umuntu mubi cane” kandi ko yamaze imyaka myinshi “agwaye, agwana n’ingorane zo kutarya neza” kubera amajambo yabwiwe n’uwo mukandida.

Mu kunganira ivyavuzwe n’umupfasoni Clinton mu myiyamamazo y’I Ohio, prezida Obama yavuze ko Donald Trump yamaze “ubuzima bwiwe bwose yita abapfasoni ingurube, imbwa canke abanebwe b’umwanda.”

Ivyo vyavuzwe ku kuntu Trump afata abapfasoni bihuriranye n’itangazo ryo kwiyamamaza ry’umugambwe w’abademokrate, aho mu masanamu yak era berekana Trump ariko aravunga no:”Gukoresha umupfasoni ni kintu kibi cane.”

Donald Trump yakiriwe n'umukuru w'intara ya Wisconsin Scott Walker

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump yakiriwe n'umukuru w'intara ya Wisconsin Scott Walker

Uwo mukandida w’aba republicains yaranebaguwe mu kwezi guheze kubera agacinyizo gafatiye ku gitsina yagiriye abapfasoni, inyuma y’aho hagaragariye video yiwe avuga ibintu bitesha agaciro abapfasoni.

Yarahakanye ko hari ikintu yakoze kibi kandi ko yiteguriye kubakurikirana mu butungane inyuma y’amatora.

Donald Trump we yashimikiye cane ku mugambi w’amagara y’abantu, wiswe Obamacaere, yemeza ko atawukiwerekwa na cane cane mu miryango yinjiza amahera make ashaka ko imutora.