Abana banyuma mw'ikambi ya Calais bimuriwe ahandi

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGE
Ibisi ya mbere yahagurutse isaha 08:30
Abategetsi b’Ubufaransa batanguye gukura abana b’abimukira mw’ikambi ya Calais, inyuma y’indwi imwe iyo kambi isambuwe.
Bisi ya mbere itwaye umugwi wa mbere w’abana yahagurutse ngaho isaha 08:30 (07:30GMT).
Abana batari kumwe n’abavyeyi babo bazojanwa mu bigo bitandukanye muri ico gihugu.
Bahora baba mu vyuma batwaramwo ibintu, biteze kuja mu Bwongereza.
Ariko abategetsi b’Ubufaransa ubu babahaye ivya ngombwa, bavuga ko ata ruhusha na rumwe ruzosubira gutangirwa i Calais rwo kuja mu Bwongereza.
Ku musi wa kabiri mw’ijoro, igipolisi kigwanya akajagari carahamagawe gutabara igihe haduka imishamirano hagati y’umukristu wo muri Erithree n’abasore b’aba Islam bo muri Afghanistan.
Igiplisi kivuga ko urwaruka rushika 100 ari rwo rwari rubifisemwo uruhara.
Abanye Erithree barenga 20 boba baciye binyegeza mw’isengero.
Prezida w’Ubufaransa, Francois Hollande yavuze ko ata n’umwe azemeregwa gusubira muri iyo kmbi, ikibanza cashikiramwo abimukira badakurikije amtegeko bahunga ubukene n’intambara, bagerageza kujabuka mu gihugu c’Ubwongereza.
Inzu za nyuma zasambuwe ku musi wa mbere, inyuma y’igikorwa co kwimurira abantu bashika 7.000 mu bindi bigo.