Umukuru w'ingabo za Onu muri Sudani y'epfo yirukanywe

Onu ifise abasirikare 16.000 muri Sudani y'epfo

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Onu ifise abasirikare 16.000 muri Sudani y'epfo

Umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Ki-moon yirukanye umukuru w’abasirikare ba Onu muri Sudani y’epfo inyuma y’icegeranyo kivuga ko bananiwe gukingira abanyagihugu mu kwezi kw’indwi.

Ico cegeranyo cemeje ivyavuzwe n’abakozi batanga imfashanyo ko abasirikare ba Onu banse kubatabara igihe abasirikare ba reta batera ahaba abakozi batanga imfashanyo I Juba.

Muri iyo ntambara hagati y’abasirikare bar eta n’abahoze ari abagwanyi, umumenyeshamakuru wo muri Sudani y’epfo yarishwe, abandi bakozi bafatwa ku nguvu.

Izo ntambara zatumye akigoro ko gushinga reta ihuriyemwo bose kaba impfabusa no kurangiza intambara.

Intambara yatanguye habaye itana mu mitwe hagati y’abasirikare bacungera prezida Salva Kiir hamwe n’abacungera icegera ciwe yirukanye mu mabanga yiwe Riek Machar.

Ban Ki-mon”yasavye ko uwugaba abo basirikare ba Onu asubirizwa vuba na bwangu” umunye Kenya Lt Gen Johnson Mogoa Kimani Ondieki, nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi wa Onu ku musi wa mbere, Stephane Dujarric.

Umugwi udasanzwe wigenga ujejwe amatohoza ku midurumbanyo yadutse hagati y’itariki 8-11 z’ukwezi kw’indwi ku mugwa mukuru w’intara ya Sudani y’epfo washinzwe n’akanama ka Onu.

Mu misi itatu y’intambara, n’imiburiburi abantu 73 barishwe, harimwo abarenga 20 bateshejwe izabo bari bahungiye ahari abasirikare ba Onu barondera gukingwirwa.

Babiri mu basirikare ba Onu barapfuye.

Mu bibanza vyatewe n’ingabo za reta, harimwo icicaro c’abasirikare ba Onu, kizwe kw’izina rya UN House, hamwe na hagufi y’aho hitwa Terrain Camp.