HRW: Prezida wa Gambia nafatirwe ibihano

Ahavuye isanamu, AFP
Yahya Jammeh ari ku butegetsi kuva mu 1994
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Right Watch, ryahamagariye amakungu gutera igitsure cane prezida wa Gambia, Yahya Jammeh.
Iryo shirahamwe rivuga ko uwo mukuru w’igihugu acura bufuni na buhoro abo batavuga rumwe mu gihe himirije amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kuza.
Mu cegeranyo gishasha, iryo shirahamwe rivuga ko abatavuga rumwe na reta babiri bapfiriye mw’ibohero abandi benshi bakaba bagipfunzwe, batagira ababavura co kimwe n’abababuranira.
HRW bateye akamo ibihugu bibanyi vya Gambia n’ubumwe bwa Buraya hamwe na Amerika kugira ico bakoze.
Iryo shirahamwe rishaka ko uwo mukuru w’igihugu hamwe n’abo bakorana bafatirwa ibihano vyo kubabuza gusohoka igihugu hamwe no gufatira amatungo yabo gushika aho ibintu bizosubira mu buryo.
Ahavuye isanamu, AFP
Abatavuga rumwe na reta bari mu myiyerekano mu ntango z'uyu mwaka
Basaba kandi koi co gihugu cirukanwa mw’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo muri ako karere.
Prezida Jammeh ari ku butegetsi kuva mu 1994.