Obama: Kazoza k'isi kari mu mayira abiri

Prezida Obama Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS

Prezida Obama yahamagariye abademokrate bo mu bwoko bwose gutora Hillary Clinton, agabisha ko kazoza ka Amerika n’isi yose kari mu mayira abiri.

Yavuze ko umurepubucain Donald Trump ageramiye uburenganzira bw’abantu bwabonetse barinze kwiyuha akuya.

Ivyo prezida Obama yabivugiye mu myiyamamazo yo muri Caroline ya ruguru.

Trump yavuze ko Obama akwiye guhagarika gufasha imyiyamamazo umupfasoni Clinton, ahubwo agashira inguvu nyinshi mu kurongora igihugu.

“Ikizwi n’uko ata muntu n’umwe yipfuza iyindi myaka ine ya Obama,” ni ko yabwiye abamushigikiye I Pensacola, muri Florida.

Yavuze ko umupfasoni Clinton asugerejwe muri iyi misi.

Abanyamerika bazotora umukuru w’igihugu bipfuza ko abarongora ku musi wa kabiri w’indwi iza, mu gihe amajwi ya Hillary Clinton na Donald Trump ubu agenda abangabanganwa.

“Kazoze k’igihugu kari mu maboko yanyu,” uko ni ko prezida Obama yabwiye abamushigikiye mu ntara ya Caroline ya ruguru.

“Kazoza k’isi kariko karahungabana, mwebwe rero abanye Carole ya ruguru mutegerezwa kugasunikira mu nzira nyayo.

“Si ndi mubitoza, ariko ndiko nfababwira ukuri ku matora, ukubaho neza kuri mu matora, ubutungane tubusanga mu matora, iterambere riri mu matora na demokrasi yacu iri mu matora.”

Ubu FBI iriko iragira amatohoza ku bundi butumwa bwa mail bwa Hillary Clinton.

Umukuru w’urwo rwego, James Comey, yaranebaguwe cane kuba yamenyesheje ivyo hasigaye imisi 11 gusa ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Comey amaze imisi anebagurwa n'abademokrate kubera ivyo yashikirije kuri mail

Prezida Obama yaramunebaguye kuri ayo matohoza mashasha yo kuri mail z’umupfasoni Clinton.

Mu kiganiro yatanze ku rubuga rwa NowThisNews, casohotse ku musi wa gatatu, Obama yavuze ko amatohoza yo muri Amerika adakwiye gufatira “ku bivugwa” canke “ku nkuru itatohojwe neza”.