Bill Clinton azokwitwa ngwiki Hillary ni yaba umukuru w'igihugu?

Bill Clinton yiteguriye gusubira White House Hillary ni yatsinda Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bill Clinton yiteguriye gusubira White House Hillary ni yatsinda

Ni ikibazo camye kivugwa cane mw'iyamamaza rya Hillary Clinton ry'ikibanza c'umukuru w'igihugu, catumye abantu benshi baja no kuronderera inyishu kuri Google. Ingene Bill Clinton azitwa Hillary abaye prezida?

Mu makungu, uruhara rwa bwana Clinton si ikintu gishasha. Umugabo wa Angela Merkel umwigisha w'icigwa ca "chimie" Joachim Sauer ahamagagwa mw'izina ryiwe mu gihe umuhinga mu vy'ubutunzi Philip John May yubakanye n'umushikiranganji wa mbere mushasha w'u Bwongereza Theresa May, ata rindi zina afise. Co kimwe nko mu Budagi, u Bwongereza nta zina rihambaye buha uwubakanye n'umutegetsi wo hejuru.

Muri Amerika ariko, aho abubakanye umwe yitwa prezida uwundi umukenyezi wa mbere "first lady", kuronka inyishu si ivyoroshe.

Naho ata mugabo arigera aba ku kirimba White House umugore ariwe prezida, izina rihambaye rihabwa umugabo mu ntara zirongowe n'abakenyezi ni "First Gentleman"

Amerika ifise aba "first gentlemen" batandatu muri kino gihe.

Iryo zina ryaravuzwe cane ku mbuga za internet igihe Bwana Clinton ashikiriza ijambo ku nyubakwa y'umugambwe w'aba "democrates", "Democratic National Convention". Google yaramenyesheje kw'ikibazo kijanye n'izina ry'umugabo yubakanye n'umukuru w'igihugu w'umukenyezi catumye abantu benshi baronderera kur'iyo mbuga mw'isaha imwe ijambo ryamaze.

FGOTUS ("First Gentleman of the United States", umugabo wa mbere wa Amerika) ntikizoba coroshe kuvuga nka FLOTUS, izina rikoreshwa ku mupfasoni wa mbere.

Hari abasavye ko yokwitwa "First Dude"

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umunywanyi afise icapa canditsweko "First Laddie"

"Ubu, bisa naho bigoye gato kuco azokwitwa kuberako abantu bahamagara abahora ari abakuru b'ibihugu "Mr President", Bwana Prezida. Birakwiye ko ndavyiyumvira."

"First dude", "first mate", "first gentleman", sinibaza kwari vyo, uko ni ko umupfasoni Clinton yabandanije avuga.

Avuga ukuri. Mu gihe yahora ari umukuru w'igihugu, Bwana Clinton azoguma ahamagagwa uko yahamagagwa bisigura ko bazokwitwa Mr na Mrs President-ku burongozi bwa Hillary Clinton-bavuge Mrs na Mr President.

Bwana Clinton ariko yabwiye abashigikiye Hillary mu ntango z'ino ndwi: "Sinitayeho cane ukungene bazonyita ni yatsinda", uko ni ko yavuze ku musi wa kabiri.

"Nzoba "First Volunteer". Nizeye kuba umukozi mwiza ataco asaba azoba aronse."