Prezida wa Korea y'epfo arahaka ko yiziziwe n'idini

Prezida Park yavuze ko yasize umwizero cane mu bugenzi bafitaniye n'umupfasoni Choi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Park yavuze ko yasize umwizero cane mu bugenzi bafitaniye n'umupfasoni Choi

Prezida wa Korea y’epfo, Park Geun-hye, arahakana ko yiziziwe n’amasengesho y’idini, ikibazo kigeramiye ubutegetsi bwiwe.

Asa n’uwushaka kurira ku mboneshakure, yasavye imbabazi zo kuba yararetse umugenzi wiwe wo kuva mu bwana, yivanga mu bibazo vya politike.

Yemeye guhatwa ibibazo kuri ivyo bimuvugwako ariko ntiyemeye gutanga imihoho.

Choi Soon-sil akekwako gukoresha ubugenzi bafitaniye mu gusaba imfashanyo z’ikigega ata ho cegamiye kiri mu minwe yiwe.

Choi ari mw’ibohero yagirizwa ubusuma no gukoresha nabi ubutegetsi afise.

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta wavuze iko imbabazi prezida yasavye zibuzemwo ukuri, ahubwo uhamagarira prezida Park kuva ku butegetsi.

Igipolisi n’abari mu myiyerekano basaba ko prezida Park atanga imihoho batanye mu mitwe mu gisagara ca Seoul ku musi wa gatanu.

'Nta kuri kurimwo'

Umupfasoni Choi, umugenzi wo kuva mu bwana wa prezida Park, ni umukobwa wa Choi Tae-min, umutegetsi w’idini yari incuti ikomeye ya se wa prezida Park, ico gihe yari prezida Park Chung-hee.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Bivugwa ko amasengesho yabereye ku kirimba c'umukuru w'igihugu Blue House

Ku musi wa gatanu, umupfasoni Park yavugiye ku mboneshakure ko atigeze yemera ko haba imihango y’idini ku kirimba c’umukuru w’igihugu.

“Hari ibihuha ko niziziwe n’idini canke ko habaye imihango muri Blue House, ariko nshaka gutanga umuco ko ivyo ari ibinyoma,” ni ko prezida yavuze.

Yavuze ko ari we ategerezwa kubazwa ivyerekeye gushikira impapuro za reta kandi ko yipfuza ko bamugirako amatohoza.

Yavuzeko “yashize icizere cane mu bugenzi kandi atashishoje neza ivyariko biaraba”.

Umuntu wese basanze yakoze amakosa, ategerezwa kubihanirwa, n’uko yavuze, kandi “mu gihe bikenewe, ndiyemeje kureka abashikirizamanza kungirako amatohoza kandi ndemeye ko haba amatohoza y’umugwi wigenga”.

Yamaze guhindura umushikiranganji wiwe wa mbere, arahindura abagize reta, aranirukana benshi mubafasha biwe, ariko baguma bamuhamagarira gutanga imihoho canke kuba arakinjura.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGE
Image caption Umupfasoni Choi ni umugenzi wa prezida Park kuva kera

Choo Mi-ae arongoye umugambwe utavuga rumwe na reta, yavuze ko atemeye ko ikigongwe yasavye kivuye ku mutima, aca asaba ko yemera umushikiranganji wa mbere atanzwe n’inama nshingamateka.

Prezida Park yabaye umupfasoni wa mbere arongowe igihugu ciwe, igihe yatorwa mu matora atari yoroshe mu