Malema yitwaye muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

Julius Malema umukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta wa EFF

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Julius Malema umukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta wa EFF

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta muri Afrika y’epfo, Julius Malema, ariyamiriza itegeko ryishimikizwa mu kumukurikirana ku caha co guhamagarira abirabure kwigarurira amatongo y’abazungu.

Yagirizwa guhamagarira abamushigikiye kwigarurira amatongo y’abazungu mw’ijambo yashikirije mu kwezi kwa gatandatu, bikaba biteye kubiri n’itegeko ryo mu 1956 rigwanya imigumuko.

Umucamanza yaremeye kwungururiza urwo rubanza ku rindi sango, mu gihe sentare ijejwe ibwirizwa shingiro icihweza ikirego ciwe.

Isubirwamwo ry’itangwa ry’amatongo n’ikintu kitoroshe muri Afrika y’epfo.

Inyuma y’imyaka 22 akagwi k’abazungu kavuye ku butegetsi, amatongo nka yose meza meza ari mu minwe y’abazungu b’abarimyi ari ku rushi.

Hanze ya sentare, Malema yabwiye abamushigikiye:”Ico twebwe dusaba n’ukwigarurira ayo matongo mu mahoro, kandi nta we dusaba imbabazi kuri ivyo,” ivyo bokaba vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

“Amatongo ategerezwa gusubizwa ata muzibukiro.”

Abanyaburaya b’abakoloni “basanze abanyafrika ngaha batekanye. Barabica. Bababaze nk’ibikoko” ni ko yavuze.

”Ntituriko turatera akamo ko kwica abazungu, muri iki gihe.”

Malema arongoye umugabwe wa EFF, yabwiye abamushigikiye i Newcastle mu kwezi kwa gatandatu ko abazungu badashobora kuvuga ko amatongo ari ayabo kuko yegukira abirabure, ari bo benshi muri ico gihugu.