Ikinogo mw'ibarabara mu Buyapani
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ikinogo cononye ibarabara mu Buyapani

Ico kinogo catanguye kwimburuka ku musi wa mbere hafi y'ahitwa Hakata mu gisagara ca Fukuoka. Catanguye ari utunogo tubiri twagumye twaguka gushika aho havamwo ikinogo kinini c'imetero 30 z'ubwaguke. Nta muntu yahakomerekeye ariko caraciye inzira z'umuyagankuba, amazi na gazi. Abahinga bariko barakora inzira ya gariyamoshi yo mu kuzimu bakekwa ko boba aribo batumye ico kinogo cimburuka.