Diamond Platinumz yatsindiye udushimwe 3 muri Afrimawards

Diamond Platinumz yatsindiye udushimwe 3 muri Afrimawards, mu gihugu ca Nigeria Nigeria

Ahavuye isanamu, DIAMOND PLATINUM

Insiguro y'isanamu,

Diamond Platinumz yatsindiye udushimwe 3 muri Afrimawards, mu gihugu ca Nigeria Nigeria

Umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania, Diamond Platinumz ni we yatsindiye agashimwe k’umuririmvyi mwiza, Afrimawards, ku ruhande rw’abagabo, mu karere ko mu buseruko bwa Afrika.

Diamond yatsindiye ako gashimwe mu birori vyabereye mu gisagara ca Lagos mu gihugu ca Nigeria, aho bashimagije Munu Dibango, King Sunny Ade na n’umuhisi Papa Wemba.

Umuririmyi wo mu gihugu ca Uganda, Cindy Sanyu na we yatahukanye agashimwe k’umuririmvyi mwiza ku ruhande rw’abapfasoni muri Afrika y’ubuseruko, mu gihe Wizkid wa Nigeria na we yatsindiye agashimwe k’umuririmvyi mwiza ku mugabane wa Afrika.

Insiguro y'isanamu,

Wizkid wa Nigeria yatsindiye agashimwe k'umuririmvyi mwiza ku mugabane wa Afrika

Ku rubuga rwiwe rwa facebook, Diamond yanditse gutya:”Nipfuze gushima no kubamenyesha ko umuririmvyi mukunda yatsindiye udushimwe dutatu….indirimbo nziza yo muri Afrika -#Utanipenda, umuririmvyi mwiza mu muziki wa Afro Pop n’umuririmvyi mwiza mu karere k’ubuseruko bwa Afrika”.

Uru rutonde rukurikira n’urwo abatsindiye udushimwe twa Afrimawards:

1. Umuririmvyi mwiza mu bagabo mu karere k’ubuseruko bwa Afrika - Diamond Platnumz (Tanzania)

2. Umuririmvyi mwiza w’umwigeme mu buseruko bwa Afrika - Cindy Sanyu (Uganda)

3. Umuririmvyi mwiza mu bagabo mu karere ka Afrika y’ubumanuko - Black Coffee (Afrika Kusini)

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

4. Umuririmvyi mwiza w’umupfasoni mu karere ka Afrika y’ubumanuko - Sally Boss Madam (Namibia)

5. Umuririmvyi mwiza mu bagabo mu karere ka Afrika yo hagati - Wax Dey (Cameroon)

6. Umuririmvyi mwiza mu bapfasoni mu karere ka Afrika yo hagati - Bruna Tatiana (Angola)

7.Umuririmvyi mwiza mu bagabo mu karere ka Afrika y’uburaruko - DJ Van (Morocco)

8. Umuririmvyi mwiza mu bapfasoni mu karere ka Afrika y’uburaruko - Zina Daoudia (Morocco)

9. Umuririmvyi mwiza mu bagabo mu karere ka Afrika y’uburengero - Flavour (Nigeria)

10.Umuririmvyi mwiza mu bapfasoni mu karere ka Afrika y’uburengero - Aramide (Nigeria)

11.Umuririmvyi mwiza mu bapfasoni aboneka cane - Naomi Achu (Cameroon)

12. Umuririmvyi mwiza w’umugwi wa /Dou/GroupBand Afrika- Flavour (Nigeria)

13. Umuririmvyi aguma atera imbere - Amine Aub (Morocco)

14. Umuririmvyi kundwa n’abantu benshi muri Afrika - Phyno (Nigeria)

15. Uwafonze ururirimbo rwiza uyu mwaka - Unique (Uganda)

16. Agashimwe k’ururirimbo rwiza rwugurura ibirori - King Sunny Ade (Nigeria)

17. Umuririmvyi myiza gusumba abandi /Duo/Group African Hiphop- Stanley Enow (Cameroon)

18.Umuririmvyi mwiza wa regae na Dancehall - Patoranking (Nigeria)

19. Umuririmvyi mwiza w’indirimbo z’akaranga muri Afrika - Zeynab (Benin)

20. Umuririmvyi mwiza w’indirimbo za electronique -Such (Zimbabwe)

21. Umuririmvyi mwiza w’indirimbo za RnB muri Afrika - Henok na Mehari Brothers (Ethiopia)

22. Umuririmvyi mwiza muri Afrika mu ndirimbo za Rock -M'vula (Angola)

23. Umuririmvyi mwiza muri afrika mu ndirimbo za Jazz Afrika - Jimmy Dludlu (South Africa)

24. Umugwi mwiza w’umuziki muri Afrika -VVIP (Ghana)

25.Club nziza muri Afrika - Mbilo Mbilo by Eddy Kenzo (Uganda) ft Niniola (Nigeria)

26. Video y’umwaka - Dogo Yaro by VVIP (Ghana)

27. Umuririmvyi wa mbere muri uyu mwaka - Falz (Nigeria)

28. Album y’umwaka - Ahmed Soultan (Morocco)

29. Ururirimbo rwa mbere rw’uyu mwaka - Utanipenda Diamond Platnumz (Tanzania)

30. Umuririmvyi mwiza muri uyu mwaka -Wizkid (Nigeria)