Amatora US: Amajwi y'andi matora yatanguye kumenyekana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibiva mu matora y'izi nama bizogira ijambo rikomeye ku bushobozi umukuru w'igihugu mushasha azoba afise
Ivyavuye mu matora y'abashingamateka n'abakenguzamateka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika navyo biratanguye kumenyekana.
Muri leta irwanirwa ya Ohio, umu Republicain Rob Portman yasubiye gutorwa mu nama nkenguzamateka.
Hafi y'ica gatatu c'intebe mu nama nkenguzamateka hamwe n'intebe zose mu nama nshingamateka zirahiganirwa.
Izo nama zombi ubu zifiswe n'aba Republicain.
Ibiva mu matora y'izi nama bizogira ijambo rikomeye ku bushobozi umukuru w'igihugu mushasha azoba afise.