Umupfasoni Nana Rawlings mu matora ya prezida muri Ghana

Nana Konadu Agyeman Rawlings (i bubamfu) yizeye gushika ku vyananiye Hillary Clinton (i buryo) muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nana Konadu Agyeman Rawlings (i bubamfu) yizeye gushika ku vyananiye Hillary Clinton (i buryo) muri Amerika

Akanama kajejwe gutegura amatora muri Ghana kashize ahabona urutonde rw’abantu indwi bazohiganirwa ikibanza ca prezida itari indwi z’ukwezi kwa 12.

Batatu mu munani bari bakuwe ku rutonde hanyuma basubira gusaba busha, bari kuri urwo rutonde.

Muri bo harimwo Papa Kwasi Ndoum, yemejwe ari uko arinze kwitura ubutungane.

Nana Konadu Agyeman Rawlings, umupfasoni w’uwahoze arongoye ico gihugu, Jerry Rawlings, na we nyene yongeweko kuri urwo rutonde.

Prezida John Dramani Mahama asaka kwitoza ubugira kabiri, mu matora vyitezwe ko atazoba yoroshe.