Rooney mu rukino ruhuza Ubwongereza na Scotland

Wayne Rooney ntiyari yakinye mu rukino rwaheruka kubahuza na Slovenia Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Wayne Rooney ntiyari yakinye mu rukino rwaheruka kubahuza na Slovenia

Wayne Rooney aza kuba ari kizigenza w’Ubwongereza mu nkino zo gukuranamwo z’igikombe c’isi, aho bahura na Scotland kuri uyu wa gatanu ku kibuga ca Wembley.

Uwo mukinyi w’imbere wa Manchester United ntiyari yakinye mu rukino banganije na Slovenia 0-0 mu kwezi guheze.

Umumenyereza mfatakibanza w’Ubwongereza, Gareth Southgate yavuze:”Ubu ameze neza gusumvya mu misi iheze haba mu bukerebutse canke mu kwiyemera.

“N’umukinyi amenyereye amahiganwa nk’aya kandi nta gukekeranya mu kumukinisha.”