Igikorwa co gutabara abimukira 700 mu kiyaga Mediterane

Abimukira bashika ibihumbi bine nibo bamaze gusiga ubuzima mu kiyaga Mediterane kuva mu kwezi kwa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abimukira bashika ibihumbi bine nibo bamaze gusiga ubuzima mu kiyaga Mediterane kuva mu kwezi kwa mbere

Ishirahamwe ry'abagiraneza ririko riragerageza gutabara abimukira bashika amajana indwi bari mu bwato bw'imbaho mu kiyaga Mediterane.

Iryo shirahamwe, Migrant Offshore Aid Station, rivuga ryatanguye ico gikorwa mu gitondo c'uno munsi.

Ibihumbi vy'abimukira buri indwi bagerageza gushika i Buraya bafashe iyo nzira igoye cane bavuye mu buruko bwa Afrika, kandi ikirere muri iki gihe kimeze nabi kuko igihe c'imbeho cimirije.

Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko umwaka w'2016 ari wo waguyemwo abimukira benshi kurusha iyindi, basomye nturi mu kiyaga Mediterane.

Abashika ibihumbi bine bivugwa ko ari bo bamaze gusoma nturi kuva mu kwezi kwa mbere.