Inyubakwa y'uwutavuga rumwe na leta muri Ghana yatewe

Nana Akufo Addo mu 2008
Image caption Nana Akufo Addo avuga ko bashaka gutera ubwoba abamushigikiye

Abarinzi n'abapolisi basubije inyuma igitero cari cagabwe ku rugo rw'uwukomeye mu batavuga rumwe na leta ya Ghana, Nana Akufo Addo.

Hatewe amacupa n'amabuye ku rugo rw'uwo munyepolitike.

Hari amakuru avuga ko abejejwe umutekano barashe hejuru kugira bashwiragize abantu.

Abo bateye bivugwa ko ari abashigikiye umugambwe uri ku butegetsi bari mu myimenyerezo y'ikarashishi muri ako gace.

Umugambwe wa bwana Akufo Addo uvuga ko icari kigamijwe ari ugutera abamushigikiye kugira habe icuka c'ubwoba.

Uruhagarara rwa politike rwiyongereye muri Ghana mu gihe hasigaye ukwezi ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu.