Donald Trump amaze kugena abategetsi babiri bashasha

Priebus aragaragaye iruhande ya Trump mw'ijoro ry'amatora

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Priebus aragaragaye iruhande ya Trump mw'ijoro ry'amatora

Prezida aheruka gutorwa muri Amerika, Donald Trump, yagenye umukuru w'umugambwe w'aba republicains, Reince Priebus, mu mabanga yo kurongora abandi bakozi mubiro vyiwe.

Priebus afitaniye ubucuti n’umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan.

Abamenyeshamakuru bavuga ko igenwa rya Piebus rishobora gushavuza bamwe mubamushigikiye, bikaboneka ko ubutegetsi bwimirije bushaka gukorana neza n’inama nshingamateka.

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Bannon yatanze imihoho muri Breitbart kugira aje mu mugwi w'abajejwe imyiyamamazo

Stephen Bannon, yahora arongoye ikigo ca Breitbart News, urubuga ngurukanabumenyi ruriko ivyiyumviro vy’aba republicains, na we yagenywe kuba umuhanuzi wa Trump mu vyerekeye imigambi.

Umukuru w’abakozi ari na we akurikirana ikirangamisi ca prezida, ni rimwe mw’igena ribaye kare rya prezida.

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Reince Priebus abonwa nk'umuhuza mu mugambwe w'aba republicains

Mw’itangazo ryiwe, Trump yavuze ko Priebus na Bannon ari abantu bafise ibintu vyinshi vyo gushima, bakoranye akazi mu gihe co kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu.