TB Joshua: Hillary Clinton yaratsinze amatora

TB Joshua afise abantu imiliyoni n'imiliyoni bamwemera ku mugabane wa Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption TB Joshua afise abantu imiliyoni n'imiliyoni bamwemera ku mugabane wa Afrika

Umuvugabutumwa rurangiranwa wa Nigeria TB Joshua yavuye mu gacerere inyuma yo kuvuga ko Hillary Clinton yari gutsinda, hanyuma agatsindwa.

Uwo muvugabutumwa yarifatiwe mu gahanga ku mbuga ngurukanabumenyi igihe ivyo yari yanditse yeretswe vyafutwa, mu nyuma agasubira kuvyandika ku rubuga rwiwe rwa facebook, kubera intsinzi ya Donald Trump.

Abayoboke biwe bagumye bamuvuganira, bavuga ko ivyo yeretswe ari ukuri kubera umupfasoni Clinton yatahukanye amajwi menshi n’aho yatsinzwe kubera uburyo bukoreshwa mu matora yo muri Amerika buzwi kw’izina rya “Electoral College”.

Ubutumwa bushasha ku rubuga rwa Joshua kuri Facebook burashigikira ivyo, buvuga:”Twarabonye ivyavuye mu matora muri Amerika. Inyuma yo gusoma neza, uzotegera ko navuga amajwi mesnhi, amajwi y’abanyamerika benshi”.

“Uko bimeze, dukeneye umutima w’intumwa mu gutegera canke kwumva intumwa.” TB Joshua ni ko yabandanije avuga.