Obama arahumuriza amakungu ku butegetsi bwa Trump

Prezida Obama yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru imbere y'uko atangura urwo rugendo ku wa mbere
Insiguro y'isanamu,

Prezida Obama yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru imbere y'uko atangura urwo rugendo ku wa mbere

Prezida Barack Obama yahumurije ibihugu bacuditse ko uwugiye kumusubirira, Donald Trump azokwubahiriza imigenderanire bafitanye igihe azoja muri ico kibanza mu kwezi kwa mbere.

Prezida Obama yabwiye abamenyeshamakuru ko Trump yavuze ko Amerika izogumana igihagararo ifise muri Otan.

Ivyo yabivuze imbere y’amasaha make ngo ashike ku mugwa mukuru w’Ubugiliki, Athenes, mu rugendo rwa nyuma agize mu mahanga.

Mu nyuma prezida Obama araja mu Budagi hanyuma mu gihugu ca Perou.

Insiguro y'isanamu,

Trump yarashimagije cane prezida Putin mu gihe co kwiyamamaza

Umutekano wari wongerejwe i Athene, ahitezwe imyiyerekano yo kwiyamiriza Amerika.

Vyitezwe ko prezida Obama akoresha urwo rugendo rwiwe rwa nyuma mu guhumuriza ivyo bihugu ku vyerekeye ubutegetsi bugiye kuza bwa prezida Trump.

Intsinzi y’uwo mugwizatunga yarateye amakenga bamwe mu bategetsi bo kw’isi, kubera urukurikirane rw’amajambo yagiye arashikiriza mu myiyamamazo yiwe.

Insiguro y'isanamu,

Amashirahamwe y'abakozi mu Bugiliki yashavujwe n'igipolisi cayabujije kugira imyiyerekano mu gisagara ca Athenes

Mu kiganiro muri Maison Blanche ku musi wa mbere, Prezida Obama yavuze ko uwuzomusubirira ”yiyemeje kubandanya ubucuti bafitaniye n’ibindi bihugu”.

Yavuze ko ivyo birimwo ugufashanya mu kugira ”Otan ikomeye kandi ifise igihagararo”, ishobora gutera intambwe ikomeye kw’isi.