BBC World Service yongereje ibisata gushika 40

BBC World Service ni co gisata gikomeye cane mu kumenyesha amakuru muri BBC
Image caption BBC World Service ni co gisata gikomeye cane mu kumenyesha amakuru muri BBC

BBC World Service, igisata ca BBC kijejwe gutangaza amakuru hanze y’igihugu c’Ubwongereza, yamenyesheje ko izokugurura ibindi bisata 11 bishasha mu gikorwa co kwongereza abanywanyi caheruka mu “myaka ya 1940”.

Uko kwongerezwa kuvuye kukwiyongera kw’amahera azokoreshwa yatanzwe na reta y’Ubwongereza mu mwaka uheze.

Ivyo bisata bishasha bizoshikiriza amakuru mu ndimi za Afaan Oromo, Amharic, Gujarati, Igbo, Korea, Marathi, Pidgin, Punjabi, Telugu, Tigrinya na Yoruba.

Ivyo bisata bishasha vyose vyitezwe ko bizotangura mu 2017.

“Uyu n’umusi utazibagiranwa muri BBC, turamenyesheje iyongerezwa ry’ibisata vya BBC World Service kva mu myaka ya 1940,” uko ni ko umukuru wa BBC Tony Hall yavuze.

“BBC World Service ifise akamaro kanini – kuri BBC no mu Bwongereza.

“Mu gihe twimirije guhimbaza imyaka ijana BBC itanguye, nipfuza ko BBC yoba yiyemera kandi ishikira abantu benshi cane, bikazotuma haba ukumenyeshamakuru kwigenga, ata ho kwegamiye hamwe no kunezereza abantu bashika igice c’umuliyoni kw’isi.

“Uyu musi ni intambwe ikomeye mu kubishikako.”

Uyu mugambi ujanye no kwongereza ibisata mu gukoresha ubuhinga bwa ”Digital” kugira hashikirwe abantu benshi ku matelefone ngendanwa, video hamwe n’uko biboneka ku mbuga ngurukanabumenyi.

IBISATA VYA BBC MURI AFRIKA Y’UBUSERUKO

  • Igiswahili
  • Igisomalia
  • Gahuza ( Kinyarwanda na Kirundi)
  • Oromo (kubanye Ethiopia na Eritrea)
  • Amharic (kubanye Ethiopia na Eritrea)
  • Tigrinya (kubanye Ethiopia na Eritrea)

Ku musi wa gatanu, BBC izotanguza ubuhinga bwa digital mu gisata ca Thai, inyuma yo gukora bigashimwa kuri Facebook gusa yari yatangujwe mu mwaka wa 2014.

Iyindi migambi yo kwagura BBC ijanye na:

  • Kwongereza umwanya w’amakuru mu kirusiya, aho hazoba amakuru atandukanye mu bihugu bibanyi.
  • Kwongereza amakuru ku mboneshakure ku mugabane wa Afrika, harimwo gutanguza ibiganiro 30 bishasha ku mboneshakure kubaba mu gice ca Afrika y’epfo y’ubugaragwa bwa Sahara.
  • Ibiganiro bishasha biraba BBC mu carabu
  • Amakuru ku mirongo migufi n’iyo hagati kuri radio muri Korea, hamwe n’amakuru yo ku mbuga ngurukanabumenyi.
  • Kwitaho igisata c’icongereza muri World Service, gushiraho ibiganiro bishasha, abamenyeshamakuru babishoboye, no kwongereza ibivugwa mu makuru.

Fran Unsworth, umukuru wa BBC World Service yavuze: ”Mu gihe c’intambara n’amahinduka kw’isi, abantu bose batega amatwi amakuru ya World Service ata ho yegamiye.

“Nk’ishirahamwe ryigenga ryo kumenyesha amakuru, turacafise akamaro ntangere mu kinjana ca 21, mu gihe ahantu henshi kw’isi badafise uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro.

”Itangazo ry’uyu musi ryerekeye guteza imbere World Service mu gushira inguvu nyinshi mu misi iri imbere.

“Ni ngombwa dukurikire abatwumviriza n’abaturaba ubu baronka inkuru mu nzira zitandukanye, mu kwongereza igitigiri c’abantu bakurikira inkuru za World Service biciye ku mboneshakure, hamwe n’ayandi makuru menshi azoca kuri digital.

“Turashobora kwihutisha impnduka mu buryo bwa digital, na cane cane mu kwitaho urwaruka n’abana, kandi tuzobandanya gushira inguvu nyinshi mu kummenyesha inkuru biciye kuri Video.

Image caption Uwurongoye BBC Tony Hall ashaka ko BBC yoshikana abanywanyi imuliyoni 500 inyuma y'imyaka ijana ishinzwe

“Ikitazohinduka ni ukwitanga mu kumenyeshamakuru ata ho yegamiye.”

Ukwagura BBC World Service kuzotuma haba ibisata vy’indimi 40, harimwo n’icongereza.

Lord Hall yipfuza ko BBC ishika ku bantu imiliyoni 500 kw’isi hose gushika umusi hazoba hahimbazwa imyaka ijana kuva itanguye, aho hakazoba ari mu 2022.