Ihiganwa ry'amakinga "Tour du Rwanda": Valence Ndayisenga ari ku isonga

Valence Ndayisenga ari ku isonga
Ku munsi wa kane w'ihiganwa mpuzamahanga ry'amakinga "Tour du Rwanda" umunyarwanda Valence Ndayisenga niwe ari imbere y'abandi naho uno munsi agace ka gatatu katsinzwe n'umunyamerika Rugg Timothy . IPCOM 206
Agace ka gatatu ka "Tour du Rwanda" kava i Karongi kagashika ku Rusizi, gapima ibirometero 115.
Umunyamerika Rugg Timothy niwe yashitse ku Rusizi ari mu kibanza ca mbere akaba yakoresheje amasaha 3 iminota 18 n'amasegonda 16.Valence Ndayisenga yaje mu kibanza c'indwi ariko muri rusangi niwe ari ku isonga kuko ari imbere ya Areruya Joseph wo mu Rwanda ku munota n'amasegonda 16.
Amaze kwambikwa impuzu y'umuhondo Valence Ndayisenga yavuze kw'ibarabara Karongi-Rusizi ryamugoye cane.
Ndayisenga Valence ari mu murwi wa Dimension Data ya afrika y'epfo na Areruya Joseph wo mu murwi w'u Rwanda bakurikigwa na Okumariam Tesfom ,umunya Eritrea wa mbere muri afrika ari mu kibanza ca gatatu acambuye Jean Bosco Nsengimana yatsinze ihiganwa mu mwaka uheze, akaba ari mu kibanza ca kane. Ku munsi w'ejo abasiganwa bazova ku Rusizi baje mu muji wa Huye, urugendo rwa km 140.