Hillary Clinton: Sinashaka kuja ahabona

Hillary Clinton
Insiguro y'isanamu,

Hillary Clinton

Hillary Clinton yavuze akababaro yagize atsinzwe na Donald Trump ubwa mbere agiye ahabona kuva atsinzwe mu ndwi iheze.

Uwo mukandida w’abademokrate yavuze ko yumva adashaka gusubira kuja ahabona.

Mw’ijambo yashikirije mw’ishirahamwe rifasha abana yasavye abari bahari kugwanira inkingi z’akaranga ka Amerika kandi ko batocika intege.

Umupfasoni Clinton yaratahukanye intsinzi mu matora y’abanyagihugu ariko atsindwa mu matora y’umukuru w’igihugu kubera amajwi y’abaserukira abandi.

“Ubu nzokwemera kuza ngaha mw’ijoro ariko si ikintu coroshe kuri jewe,” n’uko yavuze.

Insiguro y'isanamu,

Umupfasoni Clinton yatsinze mu ntara za Californie, Oregon, New York, New Jersey, Connecticut, Massachusetts, Maryland, Vermont, Delaware, Illinois, Rhode Island, Hawaii, Washington na Columbia, hamwe na New Mexique na Colorado.

Nta birori vyinshi vyahabaye kandi nta n’abajejwe umutekano yari afise, mbere abagenzi biwe bamuhamagara gusa “Hillary”.