Rooney yasavye imbabazi kubera ifoto z'urukozasoni

Rooney yari kizigenza mu rukino rw'igikombe c'isi Ubwongereza bwatsinzemwo Scotland Uwufise ububasha kw’isanamu REX FEATURES
Image caption Rooney yari kizigenza mu rukino rw'igikombe c'isi Ubwongereza bwatsinzemwo Scotland

Kizigenza w’umugwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, Wayne Rooney yasavye imbabazi umumenyereza mfatakibanza Gareth Southgate, inyuma y’aho hagaragariye amafoto yiwe yaborewe mu bugeni.

Itangazo ryanditswe kw’izina rya Rooney w’imyaka 31, rivuga ko ayo mafoto “ateye isoni”.

Ikinyamakuru The Sun cerekanye amafoto kivuga ko yerekana Rooney yaborewe mu musi mukuru mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu – umusi umwe inyuma y’aho Ubwongereza butsindiye Scotland mu nkino zo kuja mu gikombe c’isi.

Hagati aho, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza, FA, rivuga ko rigiye gusubiramwo amategeko agenga abakinyi mu mwanya batari ku kazi.

Mu nkuru banditse ku musi wa kane, The Sun kivuga ko isubirwamwo ry’amategeko ritanguye kubera cumi mubakinyi b’Ubwongereza bari mu nzu yo kwidagaduriramwo gushika isaha 04:30 ku musi wa Mungu.

Itangazo ry’abakorana na Rooney ribandanya rivuga:”Wayne arasaba imbabazi ko ifoto zafashwe n’abakunzi biwe zashizwe mu binyamakuru.

“N’aho wari umusi w’akaruhuko ku bakinyi n’ababarongoye, aremera ko ayo mafoto ateye isoni ku muntu afise igihagararo nk’iciwe.

“Uyu musi kare Wayne yavuganye mw’ibanga n’umumenyereza Gareth Southgate na Dan Ashworth, ajejwe ubuhinga arasaba imbabazi yivuye inyuma.

“Yari yipfuza no gusaba imbabazi urwaruka rumukunda rwabonye izo foto.”

Rooney ntiyari mu rukino rwa kivukanyi rwo ku musi wa kabiri, aho Ubwongereza bwanganije na Espagne ibitego 2-2.

Ico kigongwe Rooney agisavye mu gihe FA yasohoye itangazo rivuga “abari mu mugwi nserukiragihugu w’Ubwongerezabategerezwa kwitwara neza igihe cose”.

Akanama karongoye uwo mugwi kongeyeko ko:”Tuzosubiramwo amategeko araba igihe c’akaruhuko mu gihe c’amahiganwa mpuzamakungu.”