Ibuye ryanditseko amabwirizwa 10 y'imana ryagurishijwe 850.000$

Ahavuye isanamu, AP
Ibuye ryanditseko amabwirizwa cumi y'Imana ryatowe mu 2013
Ibuye rimaze imyaka myinshi ririko amabwirizwa cumi y’Imana riragurishwa mu camunara amadolali 850.000 muri Amerika.
Iryo buye rifise uburebura bwa sanimetero 60 ryanditseko ikiyahudi.
Ryagurishijwe muri camunara iriko irabera i Los Angeles, ariko rigategerezwa gushirwa ahantu abantu bashobora kuribona.
Iryo buye ryatowe mu 2013, igihe hariko harubakwa ibarabara ry’indarayi hagufi y’igisagara ca Yavneh, kiri mu gihugu ca Israel.
Abarigurisha bavuga ko iryo buye ari ryoba rimaze hagati y’imyaka 300 na 500 inyuma y’ivuka rya Yezu Kristu.
Ahavuye isanamu, EPA
Abo mu bwoko bw'aba Samaria bariko barasenga ku musozi wa Gerizim, hejuru y'igisagara ca Nablus
Ibwiririzwa ritaboneka kuri iryo buye ni ”Ntukarahirire ubusa izina ry’Imana” – asubirijwe akamo batera abemera b’aba Samaria kwubaka umunara ku musozi wa Gerizim, mu karere kari hejuru y’igisagara ca Nablus, ubu hitwa West Bank.
Ubwoko bw’aba Samaria bufise kahise karekare mu karere ko mu buseruko bwo hagati, n’aho aba bantu badasika 1000 muri iyi myaka ya vuba.