Shinzo Abe arafitiye icizere Trump

Abe na Trump babonaniye muri Trump Tower, New York Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abe na Trump babonaniye muri Trump Tower, New York

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yavuze ko yizeye prezida mushasha wa Amerika Donald Trump kandi ko bashobora kwumvikana.

Abe yavuze ko umubonano w’iminota 90 bagiranye na Trump mu nzu y Trump Tower I New York, ko wari uwa kivandimwe.

Mu gihe c’imyiyamamazo, Trump yarinubiye ico Amerika yunguka mu bucuti bafitaniye na bimwe mu bihugu harimwo n’Ubuyapani.

Uwo mubonano wabaye uwa mbere wo kubonana amaso mu yandi hagati ya Trump hamwe n’umutegetsi w’ikindi gihugu kuva atahukanye intsinzi yo kurongora igihugu ca Amerika.

Amerika n’Ubuyapani bafitaniye ubucuti bukomeye kuva harangiye intambara ya kabiri y’isi yose, aho Amerika yafashije Ubuyapani gusubira kunagura ubutunzi.

Trump yiyemeje guhagarika amasezerano y’ubudandaji ari hagati ya Amerika n’ibihugu vya Pacifique, Abe yari ashigikiye cane nk’inzira yo kuzibira Ubushinwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Shinzo Abe ni we mutegetsi wa mbere w'ikindi gihugu abonanye na Trump

Ayo masezerano yaremejwe n’inama nshingamateka y’Ubuyapani, n’aho bishoboka ko ahagarikwa Trump agishikira ubutegetsi.

Trump kandi yavuze ko bikwiye ko Ubuyapani buriha amahera menshi kubera abasirikare ba Amerika bari ku butaka bw’ico gihugu kugira bagicungerere umutekano.

Yaranasavye ico gihugu na Korea y’epfo gukora ibigwanisho ruhonyanganda kugira bahangane na Korea ya ruguru.