Uburebure buteye ingorane Baraka wo muri Tanzania

Baraka Elias Mashauri afise uburebure bw'imetero 2.4
Image caption Baraka Elias Mashauri afise uburebure bw'imetero 2.4

Baraka Elias Mashauri, ni umusore w’umutanzania afise imetero 2.4 bwatumye adashobora kuvurwa ikiyunguyungu inyuma yo kwikubita hasi muhira iwe.

Avugana na BBC ari ku muhana iwe inyuma y’igisagara ca Dar Es Salaam, Elias yavuze ko vyanse ko bamuvura kubera uko areha.

Elias yazanywe mu gisata kijejwe kuvura amagufa mu bitaro vya Muhimbili, kugira abaganga bamurabe, avuye mu ntara ya Ruvuma mu bumanuko bwa Tanzania, inyuma yo kubura abahinga n’ibikoresho vyo kumuvura.

“Abaganga b’ivyo bitaro bavuga ko ibikoresho bafise n’abagwayi bamenyereye kwakira batandukanye nanje,” ni ko yavuze.

“N’ivyuma vya X-Ray ntibishobora gutanga isanamu yerekana ubunini bw’icuma bategerezwa kunshiramwo, kandi ko n’ibitanda vyo kuryamikako abagwayi baje kubagwa ari bigufi cane”.

Image caption Baraka Elias Mashauri

Kubera ivyo, Elias ubu arindiriye inyishu y’abaganga ubu bariko baravugana na bagenzi babo bafashanya mu buvuzi mu bindi bihugu, kugira ashobore kuvurwa.

Ni akoko

Elias avuga ko abo babana batangazwa n’ingene areha, ariko avuga ko kuri we ari ibisanzwe, kuko uburebure bwiwe ari nk’akoko.

“Ku ruhande rw’imiryango ya mawe na dawe, ba sokuru babo bose bari barebare, nibaza rero ko ubu burebure buva kuri bo”.

Image caption Baraka Elias ari kumwe n'umumenyeshamakuru wa BBC Lizzy Masinga