Zanu-PF izoserukirwa na Robert Mugabe mu matora ya 2018

Perezida Robert Mugabe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mugabe n'umu kandida wa Zanu-PF mu matora ya 2018

Mu nama yahuje inararibonye zagwaniye ukwikukira kwa Zimbabwe ku munsi w'Imana, perezida Robert Mugabe yavuze ko hamwe yoba ashaka kuja mu karuhuko, yobikora ukuri kwamye.

Perezida Robert Mugabe yavuze kandi ko azi neza ko amashami aturuka ku mugambwe Zanu-PF, ashigikiye icegera ciwe Emmerson Mnangagwa, n'umupfasoni wiwe Grace Mugabe, bariko baramugambanira ngo bamusubirire, umwe wese ku ruhande rwiwe.

Perezida Mugabe yemeye kandi ko ubutunzi bw'igihugu butifashe neza.

Ariko Robert Mugabe yasobanuye ivyo abona ko yakoze neza, aho ngo yarinze igihugu ciwe abanyabulaya bashaka gusambura umugambwe Zanu-PF.

Umugambwe uri ku butegetsi Zanu-PF wagenye bwana Mugabe ngo azowuserukire mu matora yo mu 2018.