Edouard Nduwimana ashobora kuba umuhuza w'Abarundi

Edouard Nduwimana, yari muri leta gushika mu matora y'umwaka uheze
Image caption Edouard Nduwimana yigeze kuba umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu

Edouard Nduwimana yashijwe imbere ari umwe inyuma y'ihiganwa ryabereye mu mugwi wari ujejwe gutunganya isubirizwa ry'umuhuza w'Abarundi.

Mu ntango bari umunani, mu nyuma hasigara batatu bambere, barimwo we, Ntangibingura Amisi na Prosper Bazombanza yahoze ari icegera ca mbere c' umukuru w'igihugu.

Mu rindi jonjora muri abo batatu, Edouard nduwimana yabagiye imbere, ku majwi 60%, bituma asigara ari umu kandida rukumbi.

Umugwi ujejwe gutunganya isubirizwa ry'umuhuza w'Abarundi, waciye ushikiriza izina rya Edouard Nduwimana kugirango ryemezwe canke rihakanwe.

Edouard Nduwimana yatowe ku majwi arenga 90%.

Edouard Nduwimana ari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Imbere yo kuba icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nshingamateka kuva habaye amatora yo mu 2015, yari unushikiranganji w-intwaro yo hagati.

Uwo mugabo yize amategeko afise nk'imyaka 50 yaranabaye umukuru w'intara ya Kayanza avukanwo.

Asubiriye Mohamed Rukara arangije ikiringo c'imyaka 6 muri ico kibanza c'umuhuza w'Abarundi.

Ariko hasigaye ko yemezwa n'inama nkenguzamateka, ivyo navyo bikaba bitegekanijwe kuri uyu muhingamo nyene.