CAF yahagaritse vy'agateganyo umusifuzi wo muri Ghana

Augustin Senghor, arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Sénégal

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Augustin Senghor, arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Sénégal

Iyo ngingo yatangajwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Senegal "Fédération sénégalaise de football" (FSF).

Umusifuzi Joseph Lamptey Odartei aturuka mu gihugu ca Ghana ntagishoboye guhagarikira ihiganwa ry'uno mwaka ry'ibihugu vya Afrika "Coupe d'Afrique des nations" (CAN) ryo mu 2017 bitewe n'ihagarikwa ry'amezi atatu ryategetswe n'ishirahamwe rya Afrika ry'umupira w'amaguru "Confédération africaine de football" (CAF).

"Twisunze ikete rya FSF ryo guhakana ingene urukino hagati ya Afrika yepfo na Sénégal rwahagarikiwe, CAF iramenyesheje ko umurwi wayo ujejwe gukurikirana ingene inkino zihagarikirwa, wafashe ingingo yo guhagarika mu mabanga ku kiringo c'amezi atatu umuhagarikizi Lamptey, uko ni ko FSF yanditse mw'itangazo yasohoye.

Uwo musifuzi aturuka muri Ghana "aboneyeho gukurwa no mw'ihiganwa rya CAN ryo muri Gabon, mu kuba atakoze ngo bishimishe", uko ni ko FSF yabandanije ivuga.

Joseph Lamptey Odartei niwe yari umuhagarikizi mukuru mu rukino ruhuza Afrika yepfo na Sénégal rwo ku itariki 12 ukwezi kwa cumi na rimwe, uwo munsi ukaba wagira kabiri mu nkino zo gukurakuranamwo zitegura igikombe c'isi yose mu 2018.

Mu makete yarungikiwe CAF na Fifa, FSF yari yasavye ko hotanguzwa itohoza ku rukino rwo ku itariki ya 12 ukwezi kwa cumi na rimwe rwabereye ku butaka bwa Afrika yepfo.

Umurwi "Les Lions du Sénégal" wari watsinzwe ibitsindo bibiri kuri kimwe, intsinzi ya Afrika yepfo ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Senegal rivuga ko "habuzemwo ukudahengamira uruhande na rumwe" kwa Joseph Lamptey Odartei.

Uko umusifuzi yavyitwayemwo "vyagize ingaruka ku bitsindo vyinjijwe muri urwo rukino" bituma dutsindwa ibitsindo bibiri kuri kimwe, bituma tuja mu kibanza kibi ku bijanye no gushobora kubandanya mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose", uko ni ko FSF yabandanije ivuga.

Mw'itangazo ryasohowe kuri uno wa mbere n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Senegal, CAF "yiyemeje guhana abahagarikizi badakora neza ariko ikabandanya igikorwa co gutanga ikarishabwenge".