Bellerin akina inyuma muri Arsenal yongewe ikiringo

Ahavuye isanamu, EPA
Bellerin yahagaritse inkino kubera imvune yo ku gitsintsiri
Uwo mukinyi w'imyaka 21 aturuka mu gihugu ca Espagne yinjiye muri uwo murwi mu mwaka 2011 none asigaye ari umukinyi ntabanduka inyuma ku ruhande rw'i buryo.
Yashize umukono ku masezerano yo gukina igihe kirekire mu kwezi kw'indwi 2015, ubu naho akaba ahejeje kwongerwa ikindi kiringo.
Amaze gukina inkino 67 zirimwo 11 z'ihiganwa ry'uno mwaka imbere yaho inguma yaronse zitumye ahagarika ku kiringo c'indwi zine.