Kanye West yajanywe mu bitaro vy'i LA

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Urugendo West yarimwo rwahagaritswe n'ivyadutse mu mpera y'indwi

Umunyamerika aririmba umiziki wo mu bwoko bwa "rap" Kanye West yinjiye ibitaro inyuma yaho hatangiwe ubutumwa bwihuta kuri telefone, nkuko bivugwa n'amakuru aturuka mu bigo vy'itangazamakuru.

Umuvugizi w'igipolisi yabwiye BBC ko baronse "akamo kadurumbanya ka telefone" ku muhingamo ku munsi wa mbere, ariko nticigeze gicisha mu kanwa izina ry'uwo muririmvyi.

Ako kamo kadurumbanya kahavuye kavamwo ingorane zijanye n'ubuvuzi, munyuma igisata kijejwe kuzimya umuriro kirishura, uko ni ko yavuze.

Umuvugizi w'igisata kijejwe kuzimya umuriro mu gisagara ca LA yavuze ko umugabo atavuzwe izina yajanywe mu bitaro ngo "asuzumwe neza".

"Igihe c'isaha 13:20, igisata kijejwe kuzimya umuriro ca Los Angeles carishuye akamo ka telefone k'umuntu yasaba ko yofashwa ku bijanye n'amagara", uko ni ko umuvugizi w'ico gisata yavuze.

"Umugabo akuze avugwa kwasa n'uwarakomeye yaciye ajanwa ku bitaro ngo asuzumwe neza."

Umugore wa West Kim Kardashian yarafotowe asohotse indege ku kibuga c'indege Van Nuys i Los Angeles amasaha make amaze kujanwa mu bitaro.

Ayandi makuru avuga ko yoba yari West ava mu binyamakuru bitandukanye bitabivuga kumwe.

Amakuru aturuka muri NBC avuga ko abo bapolisi bishuye "akamo k'umuntu yimererewe neza" kw'ingingo yo kujana West kwari ugukingira amagara n'umutekano wiwe, NBC igasigura ko "hari abategetsi benshi bimaze gushikira".

Urubuga ruvuga insaku TMZ ruvuga ko West yatwawe mu bitaro "ngo barabe ko adafise ingwara yo mu mutwe" kandi ko yarondera abomuvura kubera "ukumara igihe kirekire adasinzira".

Ikinyamakuru "The Los Angeles Times kivuga ko hari akamo karungitswe ku nimero 911 kavuye muhira kwa West, kivuga kw'ayo makuru yavuye mu gisata kizimya umuriro.

Aba West canke abamuserukira nta numwe yagize ico avuga ku vyabaye.

Imbere y'amakuru ko Kanye West yinjiye ibitaro asohoka, nyina wa Kardashian, Kris Jenner yabwiye ibigo vy'itangazamakuru vya Amerika igituma uwo muririmvyi wa "rap" yahagaritse ibiteramo.

"Ararushe cane, mu vyukuri ararushe. Urugendo amazemwo iminsi rwaramuruhishije birakenewe ko aruhuka", uko ni ko yabwiye imbonerakure yo muri Amerika "Extra".

Abaririmvyi bakomeye n'abandi bahinga mu tugenegene baciye baja ku mbuga za internet bavuga ko bababajwe n'ivyashitse basabira West kuroranigwa.

Umuririmvyi wa "rap" 9th Wonder yanditse kuri Twitter ati: "Kuba nzi uno muvukanyi imyaka 13. Gukira ingwara yo mu mutwe si ivyoroshe, uko vyoba biri kwose. Komera Kanye West."

Umukinyi wa sinema atwenza Ronald Funches yanditse ati: "Ndifurije Kanye West urukundo kandi aronke abamushigikira muri urwo rugendo. Amagara yo mu mutwe si ikintu co gufyinisha kandi bisaba kuguma ugwana, nizeye ko azobandanya kuduha umuziki w'umudundo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kanye West n'umugore wiwe Kim Kardashian

Kardashian West yari yitezwe kuja mu birori vy'imibano vyabereye New York City ku munsi wa mbere- bukaba bwari kuba bubaye ubwa mbere abonetse kuva igihe yibiwe mu gisagara ca Paris mu kwezi kw'icumi ariko ico gihe ntiyagiye.

Uwo mu "rapper" yarahagaritse amatariki yose yarasigaje mu rugendo inyuma yaho ahevye igiteramo yari yatanguye co mu mpera z'ino ndwi iheze.

Yaririmvye indirimbo zitatu gusa ku munsi wa gatandatu mw'ijoro, imbere yuko atangura kuvuga amajambo atateguye anegura Facebook, Jay Z na Hillary Clinton.

Yaraneguye nyene Facebook Mark Zuckerberg ku kuba atamuhaye imiliyoni $53 kugira yikure amadeni, avuga ko yababajwe na Jay Z ko atagiye kumuramutsa inyuma yaho umugore yibiwe mu kwezi guheze.

West yameze nk'uwuvuga ko Jay Z yahaye amahera abicanyi, avuga: "Jay Z, ndazi ko ufise abicanyi, ntubarungike ngo bantware agahanga".

"Ni mwitegure gusubira mu mirimo bamenyeshamakuru, kuko igiteramo kirarangiye,"uko ni ko yavuze yururutsa icuma avugiramwo (micro) aca arasohoka.

Uwugerageza gutuma aja imbere, Live Nation, yamenyesheje ko amatike yose yarishwe, ba nyeneyo bagiye gusubizwa amahera.

Nta nsiguro yatanzwe ku matariki yarasigaye yahagaritse yotangiyeko ibiteramo.