Trump agiye gufuta amasezerano ya Amerika na Pacifique

Donald Trump
Insiguro y'isanamu,

Donald Trump

Prezida yatowe Donald Trump yavuze ko umusi azoshikira ubutegetsi azoshikiriza ijambo ryo kuva mu masezerano y’ubudandaji bafitaniye n’ibihugu vya pacifique.

Ayo masezerano y’ubudandaji y’ibihugu vya Pacifique yashizweko umukono mu 2015 n’igihugu ca Amerika, Malaysia, Australia, Nouvelle Zelande, Canada na Mexique, imbere y’uko ashirwa mu ngiro n’ibihugu yega.

Mu butumwa bwa Video ku migambi yiwe ya mbere agishikira ubutegetsi, yavuze ko azokwihweza bushasha amasezerano y’izo mpande zibiri kugira amahinguriro agaruke muri Amerika, hasubire kuboneka ubuzi.

Insiguro y'isanamu,

Abagira imyiyerekano bavuga ko ayo masezerano yatumye ubuzi bugabanuka

Ugufashanya kw’ibihugu vya Pacifique kwashizweko umukono mu kwezi kwa kabiri inyuma y’imyaka indwi y’ibiganiro kandi bikaba vyari muri politike ya prezida Obama.

Ayo masezerano yashizweko umukono n’ibihugu 12 bifise ubutunzi bungana n’ibice 40% kw’isi.

Insiguro y'isanamu,

Ayo masezerano yashizweko umukono n'ibihugu 12 mu kwezi kwa kabiri i Auckland last February

Ariko nta co yavuze ku mugambi wiwe wo guhindura ivyerekeye politike ya prezida Obama yerekeye amagara y’abantu, Obamacare canke kubaka uruhome hagati ya Amerika na Mexique rwo kuzibira abimukira bava muri ico gihugu.

Ivyo bintu ni vyo yavuga ko azohindura yihuta agishika ku butegetsi.