Colombia na FARC bagiye kwemeza amasezerano mashasha

Amasezerano ya mbere yemejwe mu birori vy'agakura - mu nyuma amatora ya kamarampaka arayiyamiriza

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Amasezerano ya mbere yemejwe mu birori vy'agakura - mu nyuma amatora ya kamarampaka arayiyamiriza

Reta ya Colombia yavuze ko izoshira umukono ku yandi masezerano n’abagwanyi ba FARC, inyuma y’aho ayambere yiyamirijwe mu matora ya kamarampaka mu kwezi guheze.

Ayo masezerano yasubiwemwo azokwemezwa n’inama nshingamateka hakwemezwa n’abanyagihugu.

Ariko abatavuga rumwe na reta baguma bavuga ko n’ubu ata bihano ruhasha birimwo vyafatiwe abahoze ari abagwanyi ku vyaha bagirizwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Abari bashigikiye ayo masezerano baragize urugendo mu mahoro

Ayo masezerano afise intumbero yo kurangiza imyaka irenga 50 y’intambara, aho abantu barenga 220.000 babuze ubuzima.

Mw’ijambo yashikirije ku mboneshakure ku musi wa kabiri, prezida Juan Manuel Santos yavuze: “Dufise akaryo kamwe gusa ko gusezerera igihe catubabaje, cababaje imiliyoni n’imiliyoni z’abanye Colombia mu kiringo c’igice c’ikinjana.”

Amasezerano ya mbere yari yashizweko umukono mu mezi abiri aheze mu birori vy’agakura imbere y’abategetsi b’amakungu, ariko aza kwiyamirizwa muri kamarampaka yo kw’itariki 2 mu kwezi kwa cumi.

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Prezida Uribe n'abamushigikiye bavuga ko ayo masezerano ya mbere atanga ikigongwe ku mabi yakozwe na FARC

Abatavuga rumwe na reta barongowe n’uwahoze atwara ico gihugu Alvaro Uribe bavuze ko ayo masezerano yemerera ibintu vyinshi abagwanyi.

Umuhari wa Farc na reta bakoze bihuta mu guhindura ibintu bigera ku 50 kugira abiyamirije ayo masezerano na Farc bayemere.

Uribe n’abamushigikiye baguma bavuga ko ivyahinduwe bidakwiye.