Korea yepfo: Viagra mu biro kwa Prezida

Abanyagihugu bihaye amabarabara bavuga "si umukuru w'igihugu wanje"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abanyagihugu bihaye amabarabara bavuga "si umukuru w'igihugu wanje"

Iryo bara ryo muri Korea yepfo rivugwamwo Prezida Park Geun-hye ryafashe intumbero ata muntu yokwiteze inyuma yaho hasohokeye amakuru ko hatowe Viagra mu biro vyiwe.

Ubutegetsi ni bwo bwatoye ivyo binini mu bisanzwe bifasha umuntu afise ingorane zo kubarukwa (difficulté d'erection), buri mw'itohoza ku vyo umupfasoni Park aregwa ku bijanye na ruswa.

Ubutegetsi buvuga kw'ivyo binini vya Viagra vyaguzwe ngo bifashe abakunda gufatwa n'ingwara zijanye no kuba mu bibanza bihanamye.

Uwo mukuru w'igihugu ca Korea yepfo yagirizwa ko areka mugenzi we, Choi Soon-sil, gufata ingingo mu kibanza ciwe.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyemeye ko vyaguze ibinini vya Viagra 354 n'ibindi binini vyo mu bwoko bwa "generique" vyo gufasha aboba batewe n'ingwara ifata abantu baba mu misozi miremire nko mu ngendo zo muri Afrika y'ubuseruko ariko ivyo binini bikaba bitigeze bikoreshwa.

Umumenyeshamakuru wa BBC i Séoul avuga kw'ivyo binini vya Viagra vyatowe bigiye gutuma umukuru w'igihugu agwanywa kurusha. Abanya Korea benshi bavuga ko umupfasoni Park "yibera ku yindi si" ivyo bigashobora gutuma haba abamuremera bamusaba gutanga imihoho.

Hari insaku zivugwa mu banya Korea ko umupfasoni Park hamwe na mugenzi we Choi boba bakora imihamuro ishingiye ku migenzo y'abakera.