Woba uzi ubuhinga bwo gukoma ibinyabobo?

Iswa zikiri mbisi batarakaranga
Insiguro y'isanamu,

Iswa zikiri mbisi batarakaranga

Ibinyabobo n’iswa n’indya zo mu ntara kama za Buyogoma, Moso na Buragane ariko bisaba ubuhinga kugira ubifate.

Buri muryango usanga ufise imigina ibiri canke itatu yubakiye.

Hariho ariko iswa bafata barinze gukomanga, ivyo na vyo bikaba bisaba ubundi buhinga harimwo no kuziririmbira.

Ico gikorwa kiba mu gitondo ca kare, hatabona kandi gishobora kumara n’amasaha abiri canke arenga.

Insiguro y'isanamu,

Boboye Emmanuel ariko arerekana ingene umugina w'ibinyabobo wubakirwa

Imbere yo gutangura gukomanga babanza kwigizayo ivu barondera ivyo bita imishwena n’itekeza.

Boboye Emmanuel wo muri komine ruyigi avuga ko “Umushwena ari umwobo ibinyabobo bihemeramwo, itekeza na ryo ni ho biva. Ni yo uriko urakoma kirazira kurivuga mw’izina, kuko ibinyabobo bica bihunga. Abakoma ibinyabobo bagenda butaraca bagaheza bakabiririmbira kugira bisohoke. Ni nako baba bariko barahondagura ku gati gato karyamye hasi,” uko ni ko yavuze.

Insiguro y'isanamu,

Ku mugoroba aho abandi baba bateramiye ku nyama zokeje, mu Buyogoma bamwe baba bariko bararya iswa zikaranze

Abanyagihugu benshi bo mu karere ka Buyogoma, Moso na Buragane bavuga ko ibinyabobo canke iswa bibatunze.

Uretse gubifungura, ibinyabobo birashorwa no kw’isoko, abantu bagashobora kwikenura mu bindi bintu vya nkenerwa.