Donald Trump yagenye abakenyezi babiri mu mabanga

Abagore babiri nibo bamaze kugenwa amabanga na trump
Image caption Nikki Haley, ibubanfu, na Betsy DeVos bazobanza kwemzwa na Sena

Mu bakenyezi babiri bamaze kugenwa mu mabanga na Donald Trump harimwo Nikki Haley yahora ari umukuru wa leta ya Caroline y'amaja epfo, agiye kuzoserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika mw'ishirahamwe ONU.

Nikki Haley nta burambe mu kazi afise mu vyerekeye imigenderanire, ariko Trump yavuze ko afise ubushobozi bwo guhuza abantu.

Uwundi mupfasoni amaze kugenwa mu mabanga ni Betsy DeVos, azoba umushikiranganji w'indero.

Igenwa ryabo bakenyezi ariko riracakeneye kubanza kwemezwa n'inama nkenguzamateka.

Uwundi yitezwe kugenwa mu mabanga vuba ni Ben Carson, yari yahanganye na Donald Trump mu matora y'ijonjora, akaba ashobora gushingwa igisata c'uburaro.