Trump asaba abanyamerika kwunga ubumwe

Betsy DeVos yagenywe kuba umushikiranganji w'indero ku musi wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Betsy DeVos yagenywe kuba umushikiranganji w'indero ku musi wa gatatu

Uwatorewe kuba prezida, Donald Trump yahamagariye abanyamerika kwunga ubumwe mw’ijambo yashikirije ku musi mukuru wa Thanksgiving.

Kubera imyiyamamazo y’amatora ikaze, yavuze ko ukwinubana kwongerekanye cane.

Trump yavuze ko ubu ari igihe co kwigizayo ibibatandukanya aiko yongerako ko, imishamirano idashobora gukira mw’ijoro rimwe.

Imbere y’aho yari yagenze mu mabanga abapfasoni babiri mu butegetsi bwiwe, bose bagiye baranebagura imigambi yiwe mu gihe c’imyiyamamazo.

Mw’ijambo yashikirije ryo guhimbaza umusi mukuru wa Thanksgiving, Trump ntiyahakanye ko hakiri akangonongono inyuma y’imyiyamamazo ikaze: “Ntibica bihera ubwo nyene, nta kundi twobigira, ariko turafise amahirwe imbere yacu ubu yo guhindura kazoza I Washington, umutekano mu bisagara vyacu, hamwe n’iterambere mu miryango yacu harimwo n’aho duherereye.”

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Nikki Haley agiye guserukira Amerika muri Onu

Ku musi wa gatatu, yagenye umukuru w’intara ya Caroline y’epfo, Nikki Haley guserukira Amerika muri Onu, mu gihe Betsy DeVos yagenywe mu kibanza c’umushikiranganji w’indero.

Bose bahora banebagura Trump, aho nka Haley yigeze kuvuga ko “atamushigikiye”. Na yo DeVos yise uwo mugwizatunga ko “ari nyamugwahashashe”.

Abo bagenywe bategerezwa kwemezwa n’inama nkenguzamateka yiganjemwo aba republicains.

Trump yavuze ko Haley “yerekanye ko akerebutse, kandi ko yiteze ko bazoshika ku bintu vyinshi bikomeye”.

“Azoba umutegetsi mwiza aduserukira mu makungu,” ni ko yongeyeko.

Haley yavuze ko yemeye iryo genwa, kandi ashobora kubandanya arongoye intara ya Caroline y’epfo, mu kurindira ko abakenguzamateka bamwemeza.

Mu matora y’ibanze y’abarepublicains, yarashigikiye umukenguzamateka wa Florida Marco Rubio hamwe n’umukenguzamateka wa Texas Ted Cruz.

Haley yariyamirije ingingo ya Trump yo kubuza aba islam kwinjira muri Amerika, avuga ko itajanye n’akarangamutima ka Amerika.

Hagati aho, amajwi y’abanyagihugu Hillary Clinton arusha Trump mu matora aheruka y’umukuru w’igihugu amaze gushika ku miliyoni zibiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE

Trump yatsindiye abaserukira abandi benshi, ariko mu gihe amajwi akibandanya guharugwa , indwi zibiri inyuma y’amatora, icegeranyo Cook Political cerekana ko Trump afise amajwi imiliyoni 62.2, umupfasoni Clinton na we imiliyoni 6.4.

Bubaye ubugira gatanu uwaronse amajwi menshi y’abanyagihugu atsindwa mu matora.