Imbeba zipima igituntu muri Tanzaniya

Imbeba ishobora gupima abarwayi 100 mu minota 20
Insiguro y'isanamu,

Imbeba ishobora gupima abarwayi 100 mu minota 20

Tanzaniya yatangije inzu y'isuzumiro y'umwihariko muri Afurika y'Uburasirazuba aho imbeba zo muri Afurika zikoreshwa mu guoima igituntu.

Abayobozi mu rwego rw'ubuzima muri Tanzaniya baravuga ko imbeba ishobora gutahura igituntu yinukirije igikororwa cy'abantu 100 igatanga ibisubizo mu minota 10 cyangwa 20.

Imibare yIshami ry'Umuryango w'Abibumbye ryita ku buzima ku sisi, OMS, yerekana ko abantu miliyoni 13 banduye igituntu, kandi ko ari kimwe mu mpamvu 10 ziri ku isonga mu byica abantu ku isi.

Iyi nzu y'isuzumiro (labolatwari) ni inzu ifite imbeba 20. Buri imwe igira umwanya wayo wo kwinukiriza igikororwa.

Dr Fidelis John utoza imbeba gupima igituntu, avuga ko iri koranabuhanga ryagezweho n'ikigo cyo mu Bubiligi ryafashije gutahura ubwandu bw'igituntu mu barwayi batari berekanye ko barwaye.

Imibare yerekana ko abarwayi 100.000 bari barigeze gupimwa ko nta gituntu barwaye, baje gusanga ko barwaye hakoreshejwe ubu buhanga bw'imbeba zihunahuna.

Imbeba imwe ishobora gupima hagati y'abarwayi 80 na 100 mu minota20mu gihe ubundi buryo busanzwe bushobora gutanga igisubizo mu byumweru bibiri.

Abayobozi b'ubuzima bapima abantu barenga 200 ku munsi I Dar es Salaam kandi bakaba bakohereza ibisubizo ku mavuriro mu masaha 24.